yarambgiye ngo ndamutabare ndamurekure, ngo Kukw i wabo mur’ ico gisagara bazotanga ikimazi, ngo Kandi mukuru we yamutumyeko; ngo Kandi ni naba ndamugiriye neza, ngo Ndamurekure, aje kubonana na bakuru be. Ico ni co camubujije kuza ku meza yawe, mwami.
maze so ni yaramuka andāvye akambura, uz’ uheze uvuge, uti Dawidi yaranyinginze ngo ndamurekure anyanyase, akubite i wabo i Betelehemu, ngo Kukw igihe co gutangira umuryango wose ikimazi c’umwaka kigeze.