Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ku musi ugira kabiri, ukwezi gusībiye kubonetse, na ho nyene icicaro ca Dawidi carimw’ ubusa. Maze Sauli abaza umuhungu wiwe Yonatani, at’ Ejo n’iki cabujije mwene Isayi kuza gusangira natwe, kugeza n’uyu musi akaba ataje?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:27
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’ abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda?


Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,


Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri.


Hanyuma Sauli yongera gutuma izo ntumwa ngo barābe Dawidi, ati Mumuterurane n’uburiri mumudūgane, mumunzanire, ndamwice.


Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.


Yonatani aramwishura, ati Dawidi yaranyinginze ngo ndamurekure akubite i wabo i Betelehemu;


Dawidi aramwishura, at’ Ejo ukwezi kuzoboneka, kandi nta cari gikwiye kumbuza gusangira n’umwami; ariko ndekura ngende ninyegeze ku musozi, gushitsa ku musi ugira gatatu ku mugoroba;


Nabali yishura abo bantu ba Dawidi, ati Dawidi n’iki? Kandi mwene Isayi n’iki? Erega mur’ iyi misi harih’ abashumba benshi bātaye ba shebuja.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ