26 Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.
Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;
Ikigendesha amajanja cose co mu bigenza amaguru ane vyose, n’igihumanya kuri mwebge; uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.
Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.
Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ umuntu azoba ari ku gahinga, agakora ku kiziga c’ umuntu yishwe n’inkota, canke ku kindi kiziga cose, canke kw igufa ry’umuntu, canke ku mva, azoba ahumanye kumara imisi ndwi.
At’ Ego me n’amahoro; nzanywe no gushikanira Uhoraho ikimazi. Nuko ni mwiyeze, muze tujane kur’ ico kimazi. Kandi yeza Isayi n’abahungu biwe, abahamagara kuza kur’ ico kimazi.
Ku musi ugira kabiri, ukwezi gusībiye kubonetse, na ho nyene icicaro ca Dawidi carimw’ ubusa. Maze Sauli abaza umuhungu wiwe Yonatani, at’ Ejo n’iki cabujije mwene Isayi kuza gusangira natwe, kugeza n’uyu musi akaba ataje?