23 Kand’ iri jambo tuvuganye twe nawe, Uhoraho abe hagati yacu ibihe vyose.
Sarayi abarira Aburamu, at’ Aka gakēngērwe nkēngerewe kazoba ku mutwe wawe! Ko nashize incoreke yanje mu gikiriza cawe, maz’ ibonye kw ifise inda ica irankēngēra! Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe!
bo na Mizipa, kuko Labani yavuze, at’ Uhoraho yame ahagaze hagati ya twe nawe tumaze gutandukana.
Ni waramuka ugiriye nabi abakobga banje, canke ni wabaharika, umenye yuko, nah’ ata wundi muntu azoba ariho, Imana izoba ari yo cabona hagati ya twe nawe.
Imana ya Aburahamu, Imana ya Nahori, Imana ya se w’abo bompi, n’ibe kamaramagambo hagati yacu. Yakobo arahira Iyo se Isaka yubaha.
Nuko Dawidi yinyegeza ku musozi; bukeye ukwezi kubonetse, umwami aravyagira ngw afungure.
Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.