22 Ariko ni nabarira nya muhungu, nt’ Eh’ imyampi iri hirya yawe; uz’ uheze uhunge, kuk’ Uhoraho azoba aguhungishije.
nce ntuma umwana, ndamubarire, nti Genda utore irya myampi. Maze ni nabarira nya mwana, nt’ Eh’ imyampi iri hino yawe, n’uyābīre; uz’ uheze uze, kukw azoba ar’ amahoro, ata co kwinona, nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho.
Nya mwana ashitse aho Yonatani arashe umwampi, Yonatani amutera akamo, ati Mbega nta wo ubona hiyo yawe?
Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.