20 Nanje nzorasa imyampi itatu i ruhande yaco, nk’aho ndi n’ico ngenekereje;
Maze ku musi ugira gatatu, uz’ uce umanuka vuba, usubire ha handi wari winyegeje ku musi wa vya bindi, ugume hambavu ya ca gihongo c’amabuye.
nce ntuma umwana, ndamubarire, nti Genda utore irya myampi. Maze ni nabarira nya mwana, nt’ Eh’ imyampi iri hino yawe, n’uyābīre; uz’ uheze uze, kukw azoba ar’ amahoro, ata co kwinona, nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho.
Maz’ abarira uwo mwana, at’ Irukanga utore imyampi ngira ndase. Umwana aciruka, Yonatani arekura umwampi, uramurēngāna.