Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Na we aramwishura, ati Biragahera, ntuzopfa! Erega data nta co akora atambariye, ari gito ari kinini; none har’ icotuma abimpisha? Ek’ ivyo si ko biri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramwishura, bati Mugenzi, utewe n’iki kutubarira ben’ ivyo? Biragahera abasavyi bawe ko twokora nk’ivyo!


Ibimazi n’amashikanwa y’ifu ntivyaguhimbaye; Amatwi yanje urayazibūye: Ibimazi vyoshejwe n’ibimazi vy’ivyaha ntiwabigomvye.


Uwifatanya n’igisuma aba yanse ubugingo bgiwe, Iy’ abonye bamurahiza, yanka kumena ibanga.


Umwami Uhoraho anziburuye ugutwi, nanje sinabaye ikigāba, canke ngo mpindukire nsubire inyuma.


Azoza yice rubi abo barimyi, uruzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga, bati Biragahera.


Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


Barongera baravuga, bati Biragahera ko twogarariza Uhoraho, ngo tureke uyu musi kumukurikira, ngo twiyubakire igicaniro co kwoserezakw ibimazi, canke co gutangirakw amashikanwa y’amafu n’ibindi bimazi, kitari ca gicaniro c’Uhoraho Imana yacu kir’ imbere y’ihema ryiwe.


Abantu baramwishura, bati Guheba Uhoraho ngo dusabe izindi mana biragahera!


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?


Nuko Yonatani abarira Dawidi, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni we cabona; ejo nk’aya mango, canke hirya y’ejo, nzoba nāmaze gucaca data; maze ni nasanga akuvuga neza, nzoca ngutumako, ndabikumenyeshe.


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ