19 Maze ku musi ugira gatatu, uz’ uce umanuka vuba, usubire ha handi wari winyegeje ku musi wa vya bindi, ugume hambavu ya ca gihongo c’amabuye.
Bukeye Sauli abarira Yonatani umuhungu wiwe bo n’ abantu biwe bose ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani mwene Sauli yakunda Dawidi cane.
Nukw abūrira Dawidi, ati Data Sauli agomba kukwica; none rero wirinde: ejo uz’ ube ur’ ahantu hiherereye, wihishe.
Maze Yonatani aramubarira, at’ Ejo k’ukwezi kuzoboneka, bazokurāba bakubure, kukw icicaro cawe kizoba kirimw’ ubusa.
Nanje nzorasa imyampi itatu i ruhande yaco, nk’aho ndi n’ico ngenekereje;
Bukeye mu gitondo Yonatani aja kuri wa musozi mu gihe yaraganye na Dawidi, ari kumwe n’ umwana mutoya.
Dawidi aramwishura, at’ Ejo ukwezi kuzoboneka, kandi nta cari gikwiye kumbuza gusangira n’umwami; ariko ndekura ngende ninyegeze ku musozi, gushitsa ku musi ugira gatatu ku mugoroba;