Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuko Yonatani asezerana isezerano n’inzu ya Dawidi, ati Ni waricamwo, Uhoraho azoriguhōra atumye abansi bawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:16
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,


Nuk’ umwami afata abahungu babiri ba Risipa umukobga wa Aya, yavyaranye na Sauli, Arumoni na Mefibosheti, bo n’abahungu batanu ba Merabu umukobga wa Sauli, yavyaranye na Aduriyeli mwene Baruzilayi Umumeholati;


Maze Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ababarira abarahira, bo n’ingabo zabo, ati Ntimutinye gusaba Abakaludaya: mwibere mu gihugu, musabe umwami w’i Babuloni, kandi bizobaroranira.


Muri mwebge ni hagira ūsezeranira isezerano Uhoraho Imana yiwe, ntaz’ atebe kurishitsa; kuk’ Uhoraho Imana yiwe itazobura kubimubaza, agasanga vyamuhindukiye icaha.


Asangwa twiyubakiye igicaniro ngo tureke gukurikira Uhoraho, canke kugira ngo tucoserezekw ibimazi, canke tugitangirekw amashikanwa y’amafu, cank’ ibimazi vy’ishimwe, Uhoraho n’ abiduhōre ubgiwe!


Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.


Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.


ngo bitume mwese mungarariza? Kw ata n’umwe yarushe ammenyesha k’umwana wanje yasezeranye na mwene Isayi, ntihagire n’ūmbabara n’umwe, cank’ ūmmenyesha k’umwana wanje yangararishirije umuntu akamugira umwansi wanje, nk’uko bimeze n’ubu!


Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.


Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


Abafilisitiya bakinagiza Sauli n’abahungu biwe, bica Yonatani na Abinadabu na Milikishuwa abahungu biwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ