1 Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?
Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo.
Na we aramwishura, ati Biragahera, ntuzopfa! Erega data nta co akora atambariye, ari gito ari kinini; none har’ icotuma abimpisha? Ek’ ivyo si ko biri.