Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:8
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Farawo atuma guhamagaza Yosefu, bamuturumbura mw ibohero n’ingoga, arimosha, yambara izindi mpuzu, arenguka kwa Farawo.


nguhaye kugaba urugo rwanje, kand’ abantu banje bose baze bumvire ico uzovuga: ku ngoma yanje yonyene ni ho nzogusumba.


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


riti Nagukūye mu mukungugu ndagushira hejuru, nkugira segaba w’abantu banje b’Abisirayeli; rit’ Ariko non’ ugendera mu ngeso za Yerobowamu, ukwegera abantu banje b’Abisirayeli mu vyaha, kugira ngo bantēze umwikomo ivyaha vyabo ngo ndake;


Nuko Yehu ava hasi, binjirana mu nzu; uwo musore araheza amusuka amavuta mu mutwe, aravuga, at’ Uku ni k’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Nuko yābīra urujo rwo kwiyagarisha; araheza yicara ku gikuburiro c’umunyota.


Mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’ intoke zawe.


Washizeh’ amatanguriro y’isi, Ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.


Agashira hejuru umukene, amukūye mu marushwa, Akamugwiriza imiryango nk’ umukuku.


Kukw ari we yashize amatanguriro yayo ku biyaga, Yayihamangiye ku mazi menshi.


Iy’ isi inyiganyize, bo n’ abayibako bose, Ni jewe ngumije inkingi zayo. Sela.


Mbgira abirata, nti Ntimukirate; N’abanyakibi, nti Ntimukavyure ihembe ryanyu.


Arikw Imana ni yo mucamanza: Icisha umwe bugufi, igashira uwundi hejuru.


Kuko yavuye mw ibohero ngw abe umwami; mbere yavutse mu bgami bgiwe ari mworo.


Nzomushimangira nk’umusumari ahantu hagumye, azobera inzu ya se intebe y’icubahiro.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Maze Daniyeli aba agakomeye kuruta abandi bakuru n’abaganwa, kuko yarimw’ ubgenge bg’agahebuza; mber’ umwami yiyumvira kumwegurira kuganza igihugu cose.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ