7 Uhoraho ni we amukenesha kandi ni we amukenura, Ni we amucisha bugufi kandi ni we amushira hejuru.
Nuko Yehu ava hasi, binjirana mu nzu; uwo musore araheza amusuka amavuta mu mutwe, aravuga, at’ Uku ni k’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli.
Ubutunzi n’icubahiro ni wewe vyandurukako, kandi ni wewe uganza vyose; mu kuboko kwawe harimw’ ububasha n’inkomezi; kandi ni wewe ushobora guha bose icubahiro n’inkomezi.
Kandi Hezekiya yari n’itunga ryinshi n’icubahiro cinshi; yironderera ububīko bg’amafeza n’ ubg’ amazahabu n’ubg’ utubuyenge tw’igiciro kinini n’ubg’ imibavu n’ubg’ inkinzo n’ubg’ ibintu vyiza‐vyiza vy’uburyo bgose.
Kandi yironkera n’ ibisagara, n’amasinzi y’imikuku n’amasho, kukw Imana yamuhaye ibintu vy’isinzi.
ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.
Witegereze umwibone wese, umusubize hasi, Kand’ ufyonyorere abanyakibi aho bari.
Ni yo ishira hejuru abaciye bugufi, N’abari mu mubabaro ibashira mu mahoro.
Kubg’ ugushangashirwa kwawe n’uburake bgawe Kuko wanteruye, ukanta.
Arikw Imana ni yo mucamanza: Icisha umwe bugufi, igashira uwundi hejuru.
Kuko mu ntoke z’Uhoraho har’ agakarabo, karimwo vino ibira: Kuzuye vino ituriranije, arayisuka: N’ukuri abanyakibi bo mw isi bazokwīrāngūza urukoma rwayo, barunywe.
Umutunzi n’umworo barahūra: Uhoraho ni we yabaremye bompi.
Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi.
Kuko rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga, n’inkēngērwa mu bantu.
Maz’ ibiti vyose vyo mw ishamba bizomenya yuko jewe Uhoraho nacishije bugufi igiti kirekire, nshira hejuru igiti kigufi, numishije igiti gitotahaye, ntotahaza igiti cumye: jewe Uhoraho narabivuze, ndabishitsa.
Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.