Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Uhoraho ni we atuma umuntu apfa, kandi ni we atuma abaho, Ni we amumanura i kuzimu, kandi ni we amukūrayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ Uhoraho yumvira Eliya, ubugingo bg’uyo mwana bumugarukamwo, arahēmbūka.


Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire!


Kukw ari yo ikomeretsa, kand’ ikaba ari yo isomōra; Irakubita, kand’ amaboko yayo akaba ari yo atīmbūra.


Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Uburibge bg’i kuzimu bgaramfashe: Mbona ivyago n’umubabaro.


Muririmbire Uhoraho ishimwe, yemwe bakunzi biwe, Mushime izina ryiwe ryera.


Imana itubera Imana y’agakiza, idukiza kenshi; Kand’ Uhoraho, Umwami, ni we ashobora gukūra mu rupfu.


Ni wewe watweretse amagorwa menshi akomeye, Uzokwongera uturabūre, Uzokwongera udukūre i bgina i kuzimu.


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.


None vuga, ubabarire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe, nzorangaza imva zanyu, mbadūze muve mu mva zanyu, mwa bantu banje; kandi nzobashikana mu gihugu c’i Bgisirayeli.


Maz’ arambaza, ati Mwana w’umuntu, mbeg’ aya magufa yoshobora kuba mazima? Ndishura, nti Mwami Uhoraho, ni wewe wobimenya.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;


Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ