Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Ngo Kand’ uko bizogenda n’uku: ng’ Umuntu wese w’agasigarira ko mu nzu yawe azoza amwikubite imbere, amusabe agafeza n’agatsima, amubgire, ati Ndakwinginze, umpe agakorwa kamwe ko mu vy’ubuherezi, kugira ngo mbone utwo kuntunga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:36
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni ko Salomo yirukanye Abiyatari mu buherezi bg’Uhoraho, ngw ashitse ijambo Uhoraho yari yaravuze ku nzu ya Eli i Shilo.


Mugabo abo baherezi bo mur’ ivyo bitabo ntibādūga ngo bēgēre igicaniro c’Uhoraho i Yerusalemu, ariko bāsangira imitsima itambiwe n’ ab’i wabo.


Ababi bacira bugufi abeza, N’abanyavyaha bicisha bugufi ku marembo y’abagororotsi.


Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.


Mika aramwishura, at’ Igumire ngaha i wanje, umbere umuvyeyi umbere n’umuherezi, nanje nzoguhemba shekeli cumi mu mwaka, n’impuzu n’ivyo kurya. Nuk’ uwo Mulewi aca arinjira,


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ