34 Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.
Kandi kur’ uwo musi nyene abaha ikimenyamenya, at’ Iki ni co kimenyamenya Uhoraho atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, umunyota wo kuri co usēseke.
Nuko rero haguruka utahe i muhira; mugabo, ukigira ng’ urashinga ibirenge ku murwa, uwo mwana azoca acikana.
Iki ni co kimenyamenya canyu, murasanga umwana w’uruyoya azingiriwekw impuzu y’uruyoya, aryamitswe mu bgato bg’inka.
Kand’ ivyo bimenyamenya ni vyagushikako, ugenze uk’ ubona bikwiye, kukw Imana iri kumwe nawe.
Ngo Kandi ni hagira umuntu wo kuri wewe azosigara atamukūye ku gicaniro ciwe, na ho nyene bizoba ar’ ugusigara akobotse amaso, atuntuye mu mutima; ngo Kand’ ab’ uruvyaro rw’inzu yawe bose bazogenda bapfa bakenyutse.
Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.
Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.
Iyo mbitsi iramwishura, it’ Abisirayeli batsinzwe n’ Abafilisitiya, habaye agatikizo gakomeye mu bantu; ba bahungu bawe bompi Hofuni na Finehasi bapfuye; kand’ isandugu y’Imana yafashwe mpiri.
Yita uwo mwana Ikabodi; at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli. Icatumye avuga artyo n’ukw isandugu y’ Imana yafashwe mpiri, kandi n’ uko sebukwe n’umugabo wiwe bāpfuye.
Aravuga, at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli, kukw isandugu y’Imana ifashwe mpiri.