31 Ngw Ehe rāba, imisi igiye kuza, akūreh’ inkomezi zawe, n’iz’ ab’ inzu ya sogokuruza, hoye kugira uwo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru.
Maz’ umwami ashira Benaya mwene Yehoyada mu gishingo ca Yowabu ngw abe umugabisha w’ingabo, ashira na Sadoki umuherezi mu gishingo ca Abiyatari.
Wirukanye abapfakazi bagenda imvumure, N’amaboko y’impfuvyi aravunagurwa.
Kukw amaboko y’abanyakibi azovunika: Arik’ Uhoraho aramira abagororotsi.
Mbere n’Abalewi bāngiye kure, igihe Abisirayeli bāzimira, bakanta bagakurikira ibigirwamana vyabo, na bo bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo.
harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.
Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.
Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.