3 Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.
nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugire ico ukora, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose;
Ni ngerwe ku munzane w’ ukuri, Kugira ngw Imana imenye ukugororoka kwanje!
Umwami wacu arahambaye, n’umunyenkomezi nyinshi; Ubgenge bgiwe n’akaburarugero.
Bugaye imitima yabo kugira ngw ikigongwe nticinjire, Akanwa kabo bakavugisha ubgibone.
Iminwa ivuga ibinyoma izibge, Ivugana umugororotsi agakēngērwe, N’ubgibone n’akagaye.
Mbeg’ Imana ntizobisuzuma? Kukw izi amabanga yo mu mutima.
Ntimukavyure ihembe ryanyu ngo muritunge kw ijuru, Ntimukavuge mushimantaje amazosi.
Bararokomboka, bakavugana amanyama, Inkozi z’ibibi zose zirihaya.
Ingendo zose z’umuntu ziba izitunganye mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imishaha ku munzane.
Ni wavuga, ut’ Erega ntitwari tubizi: Mbeg’ Ūgera imitima ku munzane ntavyiyumvira? Kand’ Ūzigama ubugingo bgawe ntabizi? Mbega ntazokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze?
Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi: Ubgibone n’amanyama n’inzira y’ikibi N’akanwa k’ibidadi, ndavyanka.
Inzira y’umugororotsi iratunganye: ni wewe usena inzira y’umugororotsi.
Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.
Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.
Kandi mwanyihayagijeko n’akanwa kanyu, mumpundakw amagambo yanyu: na vyo nyene naravyumvise.
Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.
Tekel, risobanurwa ngo Wagezwe ku munzane, basanga ntushitse.
Amagambo mwamvuze yar’ akomeye, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Twakuvuze ibiki?
Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.
bat’ Uhoraho Imana nyamana, Uhoraho Imana nyamana irabizi, kand’ Abisirayeli na bo bazobimenya! Namba twabikoreshejwe n’ubugarariji canke n’uguhemukira Uhoraho, uyu musi ntimusige mutatwishe!
Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.
Maze Zebuli aca aramubgira, ati Kwa kwihaya kwawe kuri hehe, aho wavuga, uti Abimeleki n’iki tukamusaba? Bariya si ba bantu wakēngēra? None seruka urwane na bo!
Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.