Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Bukeye haza umuntu w’Imana kuri Eli, aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbega ntiyiyeretse inzu ya sogokuruza, bakiri muri Egiputa mu buja kwa Farawo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:27
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yerobowamu agihagaze ku gicaniro, agira yōse imibavu, haza umuntu w’Imana avuye i Buyuda, aje i Beteli, azanywe n’ ijambo ry’Uhoraho.


Uko ni ko Salomo yirukanye Abiyatari mu buherezi bg’Uhoraho, ngw ashitse ijambo Uhoraho yari yaravuze ku nzu ya Eli i Shilo.


Uhoraho abaririra Mose na Aroni mu gihugu ca Egiputa,


Uhoraho abarira Mose na Aroni, at’ Iri ni ryo bgirizwa ryo kuri Pasika: ntihaze hagire umunyamahanga arya ku vyayo;


Uhoraho abarira Aroni, ati Ja mu bugaragwa, usanganire Mose. Aragenda, bahūrira ku musozi w’Imana, aramugumbira.


Iyi ni yo mihezagiro Mose umuntu w’Imana yahezagiye Abisirayeli, atarapfa:


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


Uwo mugore aragenda, abibarira umugabo wiwe, at’ Umuntu w’Imana yaje aho ndi; kandi mu maso hiwe hāsa n’ah’ umumarayika w’Imana, kandi hateye ubgoba cane. Ariko sinamubajije iy’ avuye, na we ntiyambgiye izina ryiwe.


Uhoraho abatumak’ ūvugishwa na we, arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo Yabadūganye abakūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja;


Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.


Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.


Na we aramwishura, at’ Erega mur’ iki gisagara harih’ umuntu w’Imana, kandi n’umunyacubahiro; ivyo avuga vyose bihora bishika; enda se tujeyo, kumbure yoturangira inzira tujana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ