Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.
Na we aramwishura, at’ Erega mur’ iki gisagara harih’ umuntu w’Imana, kandi n’umunyacubahiro; ivyo avuga vyose bihora bishika; enda se tujeyo, kumbure yoturangira inzira tujana.