26 Arik’ uwo mwana Samweli akomeza gukura, no gushimwa n’Uhoraho n’abantu.
Yosefu atona kuri we, aba ingendanyi yiwe; maz’ amuhindura umubgiriza wo mu rugo rwiwe, amuzeza ivy’ afise vyose.
Ubuntu n’ukuri ntibikuveko, Ubipfundike mw izosi ryawe, uvyandike ku gisate, ni co mutima wawe:
Ni ho uzobona gushimwa, bo n’ubgenge bushitse, Mu maso y’Imana n’abantu.
Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.
Kand’ uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubgenge, ubuntu bg’Imana bgari kuri we.
Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.
bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.
Ūkorera Kristo artyo, ahimbara Imana, kandi n’abantu baramwemera.
Hanyuma uwo mugore avyara umwana w’umuhungu, amwita Samusoni; uwo mwana arakura, Uhoraho amuha umugisha.
Maz’ Uhoraho agendera Hana, asama inda, aja imbere avyara abana b’abahungu batatu n’abakobga babiri. Arik’ uwo mwana Samweli akurira imbere y’Uhoraho.
Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.