Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Umuntu ni yacumura ku wundi, Imana ishobora kubuzuza; arik’ uwocumura k’ Uhoraho, ni nde yomuvugira? Yamara bīrengagiza ivyo se ababariye, kuk’ Uhoraho yari yagabiye kubica.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:25
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico kintu yakoze cari kibi mu nyonga z’Uhoraho, na we nyene aramwica.


Eri, imfura ya Yuda, yar’ umunyavyaha mu nyonga z’Uhoraho; nuk’ Uhoraho aramwica.


Umuntu ni yagirira nabi mugenzi we, bakamwaka indahiro, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe mur’ iyi ngoro;


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, ugire ico ukora, ucire abantu bawe imanza, utsindishe uwakoze nabi, bimusubire ku mutwe, ucire umugororotsi urubanza, atsinde nk’ uk’ ukuri kwiwe kumeze.


Nuk’ umwami ntiyemerera abantu; kukw ivyo vyari bivuye ku Mana ari we Uhoraho, kugira ngw ashitse ijambo yari yarabariye Yerobowamu mwene Nebati, aritumye Ahiya w’i Shilo.


Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.


Nta muhūza ariho hagati yacu Wo kudushirakw amaboko twempi ngo twuzure.


N’uk’ utanezererwa ibimazi, mba mbigushikaniye: Ntuhimbarwa n’ibimazi vyoshejwe.


Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.


Umwana w’ubgenge ashira umutima ku gutozwa indero nziza na se, Arik’ umucōkōranyi ntiyumvira igihano.


Har’ igihano gihambaye ku muntu ata inzira, Kand’ uwanka guhanwa azopfa.


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


Arik’ umuntu ni yagira ico akora ku kagāgazo, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, azoba angaye jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mw ihanga ryabo.


Nti Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’ Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’ iz’ Imana. Nti Kand’ urubanza ruzobananira, muze murunzanire, ndarwumvirize, ndaruce.


Ariko Sihoni, umwami w’i Heshiboni, aratwankira ngo ntiduce mu gihugu ciwe, kuk’ Uhoraho Imana yanyu yamukomantaje umutima, akawugira nk’ ibuye, kugira ngw amugabure mu maboko yanyu, nk’uko n’ubu vyābaye.


Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu,


Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,


ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Kukw ivyo vyari bivuye k’Uhoraho, yakomantaje imitima yabo, bakaza kurwana n’Abisirayeli, kugira ngw Abisirayeli babarandure rwose ata kagongwe, babageseze, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


Ni co catumye ndahira ab’ inzu ya Eli, yukw ibigabitanyo vyabo bitazotangirwa impongano, n’iyo coba ikimazi cank’ ishikanwa, gushitsa ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ