Kandi se nta ho yigeze amukankamira, ngw amubaze at’ Ivyo ukora ubiterwa n’iki? Kandi Adoniya yar’ umuntu mwiza w’ umunyakaranga, mu nda kwa se ni we yavutse inyuma ya Abusalomu.
Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.
Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.