Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:2
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.


Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?


Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.


aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?


Mana, ukugororoka kwawe gushika hejuru kure: Ni wewe wakoze ibikomeye, Mana, ni nde ahwanye nawe?


Umbere igitandara co kubamwo, aho nzoshobora kwama mpungira: Wangereye kunkiza, Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira.


Ni nde mfise mw ijuru, atari wewe? Kandi mw isi nta we ngomba, atari wewe.


Nta gihwanye nawe mu bigirwamana, Mwami; Kandi nta bikorwa biriho bihwanye n’ivyawe.


Ni nde wo mw ijuru yogereranywa n’Uhoraho? Ni nde wo mu bana b’Imana ahwanye n’Uhoraho?


Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, Ni nde munyenkomezi ahwanye nawe, Uhoraho? Kuba umwizigirwa kwawe kuragukikije.


Ni batazire izina ryiwe rihambaye riteye ubgoba: Ni we yera.


Ni mushire hejuru Uhoraho Imana yacu, Mwuname mur’ imbere y’ indava yo musi y’ibirenge vyiwe: Ni we yera.


Ni mushire hejuru Uhoraho, Imana yacu, Musengere ku murwa wiwe wera: Kuk’ Uhoraho, Imana yacu, ar’ uwera.


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


None rer’ Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n’ishusho ki?


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


Mwoye gutinya canke guhagarika imitima: kera sinabibabariye nkabiserura? Namwe mur’ ivyabona vyo kunshingira intahe. Har’ iyindi Mana atari jewe? Mbere nta kindi gitandara kiriho: jewe nta co nzi.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.


Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.


ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Hahirwa umuntu Uhoraho atazoharūrakw icaha.


nt’ Uhoraho Bgirukiro, jewe umusavyi wawe utanguye kunyereka ububasha bgawe n’ubushobozi bgawe buhambaye. Nti Mbega har’ iyindi mana, yaba iyo mw ijuru canke mw isi, yoshobora gukora ibikorwa n’ibihambaye bihwanye n’ivyo ukora?


Aravuga, ati Reka mbahishe mu nyonga hanje, Ndābe iherezo ryabo uko rizomera; Kukw ar’ urunganwe rw’ ibidambidambi, N’abana batar’ abizigirwa.


Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Ni mwebge mweretswe ivyo kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana, ata yindi iriho atari we.


Nuk’ uyu musi mubimenye, mubishirekw imitima, yuk’ Uhoraho ari we Mana mw ijuru no mw isi, ata yindi.


Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ