N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.
Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.