16 Uwo muntu yamwishura, ati Hinge babanze bose ibinure, uheze ubone gutwara iz’ ugomba; na we akamubarira, at’ Oya, urazimpa ubu nyene: utazimpaye ndazitwara wanse ukunze!
Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.
Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.
Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,
Abadani baramwishura, bati Ntusubire kudusemerera inyuma, bamwe muri twebge bohava bashangashirwa, bakabagwako, bakakwicana n’abo mu rugo rwawe!
Mbere batarosa ibinure, umusuku w’umuherezi yaraza, akabarira ūtanze ikimazi, ati N’umpe inyama zo gutarira umuherezi, kukw atagomba k’umuha izitētse, atar’ imbisi.
Uko ni kw icaha c’abo basore cabaye igikomeye imbere y’Uhoraho, kuko bākēngēra ikimazi ciwe.