Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 akagita mw isafuriya, canke mw ibinika, canke mu nkono, canke mu kazīhebe; maz’ iz’ ico cuma cājabura zose, umuherezi yarazītwarira. Uko ni ko bāgirira Abisirayeli bose uko bagiye i Shilo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:14
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.


Kuko ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, mbishinguye ku bimazi vy’Abisirayeli vy’ishimwe, mbihaye Aroni umuherezi, n’abana biwe, kuba umuturi bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose.


kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’ urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono!


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


n’ivy’imituri abaherezi bāgenewe ku bimazi vy’abantu. Iy’ umuntu atanze ikimazi, inyama zigitētswe, umusuku w’ umuherezi yaraza, afise icuma mu ntoke cārura inyama c’ingobe zitatu;


Mbere batarosa ibinure, umusuku w’umuherezi yaraza, akabarira ūtanze ikimazi, ati N’umpe inyama zo gutarira umuherezi, kukw atagomba k’umuha izitētse, atar’ imbisi.


Ngo N’iki gituma mutimamukira ibimazi vyiwe n’amashikanwa yiwe, ivyo yashinze ko bamuzanira mu ngoro yiwe, ng’ Ukūbaha abahungu bawe kubamurutisha, mukīgaburira ibinoboye vyo mu bimazi vyose abantu biwe b’Abisirayeli bamushikanira, mukīvyibuhira?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ