11 Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.
Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.
Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.
Ni co gitumye ndamugize inkūka y’Uhoraho; azorinda apfa ar’ inkūka y’Uhoraho. Nuko basengera Uhoraho aho hantu.
Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.
Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.
Nuko Samweli araryama, ageza mu gitondo; aravyuka, yugurura inzugi z’inzu y’Uhoraho; arikw atinya kubarira Eli ivyo yeretswe.
agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.