Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abarwanya Uhoraho bazovunagurika, Azoturagara ari mw ijuru, abakankamire. Uhoraho azocira imanza abo ku mpera z’isi; Kand’ azoha inkomezi umwami wiwe, Ashire hejuru ihembe ry’uwo yimikishije amavuta.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 2:10
50 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aturagara ari mw ijuru, Ūsumba vyose avugisha ijwi ryiwe.


Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


Canke se, unganya amaboko n’Imana? Woshobora guturagarisha ijwi nka yo?


Ni ho nzotuma ihembe rya Dawidi rimera, Uwo narobanuje amavuta nkamutegurira itara.


Kandi yashize hejuru ihembe ry’abantu biwe, Ni ryo shimwe ry’abakunzi biwe bose, Ni bo Bisirayeli, ihanga yiyegereje. Haleluya!


Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Uzobavunaguza inkoni y’icuma, Uzobamenagura nk’ikibumbano.


None mmenye yuk’ Uhoraho akiza uwo yarobanuje amavuta, Azomwishura, ari mw ijuru ryiwe ryera, Azomwishurisha ubushobozi bukiza bg’ukuboko kwiwe kw’i buryo.


Bamwe bizigira imikogote, abandi bizigira amafarasi, Ariko tweho tuzokwizigira izina ry’Uhoraho, Imana yacu.


Uhoraho we! Umwami azonezerezwa n’inkomezi zawe. Ereg’ agakiza kawe azokanezererwa cane!


Uhoraho n’inkomezi z’abantu biwe, Uwo yarobanuje amavuta amubera ubuhungiro bg’ agakiza.


Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji: Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, Ikurobanuza amavuta y’umunezero ikakurutisha bagenzi bawe.


Kuk’ ur’ icubahiro c’inkomezi zabo: Imbabazi zawe ni zo zizoshirisha hejuru ihembe ryacu.


Arikw imbabazi zanje no kuba umwizigirwa kwanje bizobana na we; Kand’ izina ryanje rizoshirisha hejuru ihembe ryiwe.


Nzoshira ikiyaga mu ntoke ziwe, N’inzūzi mu kuboko kwiwe kw’i buryo.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze gucira abari mw isi imanza: Azocira abari mw isi imanza zigororotse, N’amahanga izibereye.


Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho w’icubahiro kivuye mu bubasha, m Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho, kujanjaguye abamenja.


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.


Hazoba guterwa n’Uhoraho Nyen’ ingabo, kw’imituragaro, n’ugutigita kw’isi, n’ukwasana gukomeye, n’agashururu, n’ikirura, n’imbeya z’umuriro utongora.


Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye.


Uhoraho, muri we honyene ni ho har’ ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazomvuga; kuri we ni ho abantu bazoza; kand’ abamurakiye bose bazotētērwa.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Kand’ iduhagurukirije ihembe ry’agakiza Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, Arikw abagukunda babe nk’ izuba rirashe risasitse! Maz’ igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.


None rero, nguyo umwami mwitoranirije kandi mwasavye; Uhoraho abahaye umwami wo kubaganza.


Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.


Nuko Samweli asaba Uhoraho; maz’ uwo musi nyene Uhoraho arekura imvura irimw’ imituragaro; abantu bose baca bagirira Uhoraho na Samweli ubgoba bginshi.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Samweli akirikw arosa ico kimazi, Abafilisitiya bēgereza Abisirayeli ngo bashireko, barwane. Arik’ Uhoraho kuri nya musi nyene aturikira hejuru y’ Abafilisitiya guturagara guhāmbāye, abaca umuhongo; Abisirayeli ni kwo kubanesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ