Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 19:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Bukeye hasubira kuba intambara; Dawidi aratabara, arwana n’Abafilisitiya, abatikiza agatikizo gakomeye; abasigaye barahunga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 19:8
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami w’Abisirayeli na we asokoroka mu gisagara, atera abagendera ku mafarasi n’imikogote, atikiza Abasiriya agatikizo gakomeye.


Nah’ ingabo zosagaza ngo zintere, Umutima wanje ntiwotinya; Nah’ intambara yovyuka ikandwanya, No muri yo norema.


Kandi Dawidi yagira ikiganza ciza mu vyo yakora vyose, kand’ Uhoraho yari kumwe na we.


Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa.


Yonatani arahava ahamagara Dawidi, amwīgānira ivyo vyose. Nuko Yonatani arengukana Dawidi imbere ya Sauli, aguma ngaho nk’uko yahora.


Bukeye ya mpwemu mbi irungitswe n’Uhoraho iza kuri Sauli, avyagiye mu ngoro yiwe, afise icumu mu minwe; Dawidi amuvugiriza inanga.


Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, baja i Keyila, barwana n’Abafilisitiya, banyaga inka zabo, babatikiza agatikizo gakomeye. Uko ni ko Dawidi yatabaye ababa i Keyila.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ