6 Nuko Sauli yumvira Yonatani, aramurahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’ Uhoraho akaba agipfuye!
Mu maso yiwe igihumbu kirakēngēretse, Ariko yubaha abatinya Uhoraho; Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntiyirahuruza.
Teranura akanwa uvugire ūtazi kuvuga, Būranira bose abatagira shinge na rugero.
Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.
Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.
kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?
Yonatani arahava ahamagara Dawidi, amwīgānira ivyo vyose. Nuko Yonatani arengukana Dawidi imbere ya Sauli, aguma ngaho nk’uko yahora.
Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.