Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 19:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 19:5
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

arahaguruka yica Abafilisitiya, ukuboko kwiwe kurateba kugwa ikinyānya, kwumira ku nkota. Uwo musi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye; abantu baraheza bagaruka kuri Eleyazari, bazanywe no gukoba imivyimba gusa.


Ariko bo bīhagararira muri wa murima, barawurwanira, bica Abafilisitiya; nuk’ Uhoraho atanga intsinzi ikomeye, arabakiza.


Maze bamwe batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.


Ku neza nabagiriye banyishuye inabi, Ku rukundo banyishuye urwanko.


Ubugingo bganje buri ku maregerege imisi yose, Ariko sinibagira ivyagezwe vyawe.


Ni koko, abakwiteze nta wuzomāramāra: Abahemuka ata nyanduruko ni bo bazomāramāra.


Abanyankira ubusa baruta umushatsi wo ku mutwe wanje mu bginshi: Abagomba kundandura, banyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma, barahambaye: Ni ho narihishijwe ico ntatwaye.


Bakoranira hamwe gutera ubugingo bg’umugororotsi, Bagatsindisha amaraso adafise igicumuro.


Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi.


Kimwe gusa, mumenye rwose ni mwanyica, ko muzoba mwizanyekw amaraso y’ ūtācumye, azoba kuri mwebge ubganyu no kur’ iki gisagara no ku bakibamwo: kuko vy’ukuri Uhoraho ni we yabantumyeko kuvugira ayo majambo yose mu matwi yanyu.


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Maze mbonye ko mwanse kudutabara nca nīrya uko ndi, ndajabuka ndwana n’ Abamoni, Uhoraho abagabura mu maboko yanje. None n’iki gitumye uyu musi muza kurwana nanje?


Data ko yabarwanira ahevye amagara yiwe, akabakiza akabakūra mu maboko y’Abamidiyani;


Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


Nuko Sauli yumvira Yonatani, aramurahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’ Uhoraho akaba agipfuye!


Maze Yonatani yishura se Sauli, ati Non’ apfa azize iki? Yakoze iki?


Ahimeleki yishura umwami, ati Mbega none mu basavyi bawe bose har’ uwoba umwizigirwa nka Dawidi umukwe w’ umwami, ari we aganza abagushibamira, akaba umunyacubahiro mu rugo rwawe?


Maze nya mupfumukazi aza aho Sauli ari, abona ko yihebūye, aramubarira, ati Rāba jewe umuja wawe nakwumviye, mpeba amagara, nemera ivyo umbariye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ