3 Nanje nzogenda mpagararane na data ku musozi ah’ uzoba uri nyene, mvugane na we ivyawe; ni nagira ico numva cose nzokikubarira.
Umukunzi akundana ibihe vyose, Kandi yavukiye kukubera nk’ uwo muvukana mu magorwa.
Nukw abūrira Dawidi, ati Data Sauli agomba kukwica; none rero wirinde: ejo uz’ ube ur’ ahantu hiherereye, wihishe.
Ariko data ni yaramuka agomba kukugirira nabi, simbikumenyeshe, ngo nkurungike wīgīre uburarame, Uhoraho abimpanire, kandi birushirije. Kand’ Uhoraho az’ abane nawe nk’uko yabana na data.
Yonatani aramwishura, ati Biragahera! None nomenya ko data afise inama yo kukugirira nabi, sinoca ndabikubgira?