Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 19:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ashitseyo yīkiza impuzu ziwe, avugishirizwa imbere ya Samweli arambaraye hasi yambaye ubusa, yiriza umusi akēsha ijoro. Ni co catumye bavuga, bati Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 19:24
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi yiyerekera imbere y’Uhoraho yiginagura; kandi yar’ akenyeye efodi yera derere.


Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!


ico gihe ni ho Uhoraho yavugiye muri Yesaya mwene Amosi, aramubgira, ati Genda ukenyurure igunira ukenyeye mu nda, ukūre n’inkweto mu birenge vyawe. Abigenza artyo, agenda yambaye ubusa, atagira n’inkweto.


Kubg’ ivyo nzorira mboroge, ngende nambaye ubusa, ata n’ inkweto: nzorira nk’imbgebge, mboroge nk’ igisīga citwa imbuni.


Ni k’uwumva amajambo y’ Imana avuga, Akerekwa Īshobora vyose nko mu nzozi, Akīkubita hasi, arikw ahumūye amaso:


Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.


Maze Mpwemu w’Uhoraho aca akuzako akābushūngwe, nawe akuvugishe hamwe na bo, uce uhinduka ukundi, ube umuntu musha.


Guhēra ico gihe Samweli ntiyongera kubonana na Sauli kurinda apfa, atar’ ukwama amuririra; kand’ Uhoraho aricuza ico yimikiye Sauli ngw abe umwami w’Abisirayeli.


Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ