Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 19:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Aca agenda i Nayoti i Rama; maze Mpwemu w’Imana amuzako na we, agenda aravugishwa kurinda ashika i Nayoti i Rama nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 19:23
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe, Arik’ Uhoraho ni we atumbereza ibirenge vyiwe.


Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Maz’ Uhoraho ashira amajambo mu kanwa ka Balamu, aramubarira, ati Subira kuri Balaki, uvuge urtya n’urtya.


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?


Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubgo bgoko;


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Nuko bashitse kuri wa musozi, abavugishwa n’Imana b’agakama bahūra na we; maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, avugishwa hamwe na bo.


Umwe wo mu baba aho hantu arabaza, ati Mbeg’ abo ni bene nde? Ni co catumye bihinduka akagani, ngo Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?


Maze Mpwemu w’Uhoraho aca akuzako akābushūngwe, nawe akuvugishe hamwe na bo, uce uhinduka ukundi, ube umuntu musha.


Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.


Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo.


Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa.


Araheza arisidukira, aja i Rama, ashikira kw iriba rinini ry’i Seku, arabaza, ati Samweli na Dawidi bari hehe? Umuntu aramwishura, ati Bar’ i Nayoti i Rama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ