1 Samweli 19:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)
22 Araheza arisidukira, aja i Rama, ashikira kw iriba rinini ry’i Seku, arabaza, ati Samweli na Dawidi bari hehe? Umuntu aramwishura, ati Bar’ i Nayoti i Rama.
Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo.