Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.
Araheza arisidukira, aja i Rama, ashikira kw iriba rinini ry’i Seku, arabaza, ati Samweli na Dawidi bari hehe? Umuntu aramwishura, ati Bar’ i Nayoti i Rama.