Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 19:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 19:20
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata.


Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.


Nuko bashitse kuri wa musozi, abavugishwa n’Imana b’agakama bahūra na we; maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, avugishwa hamwe na bo.


Maze Sauli atuma abantu ngo baje kwa Dawidi, bamuryamire, kugira ngo ni bgāca bamwice. Maze Mikali, muka Dawidi, aramubarira, at’ Iri joro n’utanyaga amagara, ejo bazokwica.


Nukw izo ntumwa Sauli yarungitse gufata Dawidi, Mikali arazibgira, at’ Ararwaye.


Maze babgira Sauli, bat’ Erega Dawidi ar’ i Nayoti i Rama.


Babibgiye Sauli, atuma izindi ntumwa, na zo zishitse ziravugishwa. Arongera atuma izindi ubugira gatatu, na zo n’uko ziravugishwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ