1 Samweli 19:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)
18 Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo.
Araheza arisidukira, aja i Rama, ashikira kw iriba rinini ry’i Seku, arabaza, ati Samweli na Dawidi bari hehe? Umuntu aramwishura, ati Bar’ i Nayoti i Rama.
Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?
Abantu ba Akishi baramubarira, bat’ Uyu si Dawidi umwami wa ca gihugu? Si we bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?
Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.