Maz’ abantu ba Abusalomu bashikīra nya mugore mu rugo, baramubaza, bati Ahimasi na Yonatani bari hehe? Nya mugore arabishura, ati Bafashe hakurya. Nuko babarondeye, barababura, basubira i Yerusalemu.
Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.