16 Nukw izo ntumwa zinjiye zisanga terafimu ari yo iri ku buriri, na ca kijishano c’ubushenza bg’impene kiri mu mutwe wayo.
Mikali araheza ahitana terafimu, ayirambika ku buriri, ayishirakw ikijishano c’ ubushenza bg’impene mu mutwe, ayorosakw impuzu.
Hanyuma Sauli yongera gutuma izo ntumwa ngo barābe Dawidi, ati Mumuterurane n’uburiri mumudūgane, mumunzanire, ndamwice.
Sauli abimenye, abaza Mikali, ati N’iki caguteye kumpenda urtyo, ukareka umwansi wanje, agacika? Mikali yishura Sauli, ati Yambgiye, ati Ndeka ngende, sinkwice.