14 Nukw izo ntumwa Sauli yarungitse gufata Dawidi, Mikali arazibgira, at’ Ararwaye.
Maz’ abantu ba Abusalomu bashikīra nya mugore mu rugo, baramubaza, bati Ahimasi na Yonatani bari hehe? Nya mugore arabishura, ati Bafashe hakurya. Nuko babarondeye, barababura, basubira i Yerusalemu.
nuko hageze mu mūgarira, buhwibiriye, abo bantu baciye bagenda, ariko sinzi aho baroye; enda ni mubakurikire, murabafata.
Hanyuma Sauli yongera gutuma izo ntumwa ngo barābe Dawidi, ati Mumuterurane n’uburiri mumudūgane, mumunzanire, ndamwice.
Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa.