no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.
Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.