Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 19:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Sauli agerageza gusākiza Dawidi icumu, ngo rirume ku nzu; Dawidi ararizibukira, amuva imbere, rinega ku nzu. Nuko mur’ iryo joro nyene Dawidi arahunga, aramukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 19:10
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubugingo bgacu bukize nk’ ukw inyoni iva mu mutego w’abatezi, Umutego uracitse, natwe tuvamwo turarokoka.


Ankiza umwansi wanje akomeye, N’abanyanka, kuko bandusha inkomezi.


Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


Umunyakibi agenzura umugororotsi, Akarondera ingene yomwica.


Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.


Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri.


Nuko Sauli yumvira Yonatani, aramurahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’ Uhoraho akaba agipfuye!


Sauli amutera icumu ngw amwice; bituma Yonatani amenya ko se yamaramaje kwica Dawidi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ