1 Bukeye Sauli abarira Yonatani umuhungu wiwe bo n’ abantu biwe bose ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani mwene Sauli yakunda Dawidi cane.
Bamubona akiri kure, maz’ atarabashikīra, bamugīra inama yo kumwica.
Maz’ uwo mutwe wa Ishibosheti bawushīra umwami Dawidi i Heburoni, baramubarira, bati Nguyu umutwe wa Ishibosheti umwana w’ umwansi wawe Sauli, yahora aguhīga; Uhoraho ashubirije Sauli mu nkōko, n’abana biwe, abaguhōye, mwami wacu nyen’ ingoma.
Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.
Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.
Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.
Sauli aca arashangashirwa, iryo jambo riramubabaza; aravuga, ati Dawidi bamuharūyekw ibihumbi indiri, nanje jeho bamparūyek’ uduhumbi gusa. None har’ ikindi agishigaje, atar’ ingoma?
Kuva uyo musi Sauli yama arāba Dawidi ijisho ribi.
Nukw abūrira Dawidi, ati Data Sauli agomba kukwica; none rero wirinde: ejo uz’ ube ur’ ahantu hiherereye, wihishe.
Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?
Maze ku musi ugira gatatu, uz’ uce umanuka vuba, usubire ha handi wari winyegeje ku musi wa vya bindi, ugume hambavu ya ca gihongo c’amabuye.