Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Sauli aca arashangashirwa, iryo jambo riramubabaza; aravuga, ati Dawidi bamuharūyekw ibihumbi indiri, nanje jeho bamparūyek’ uduhumbi gusa. None har’ ikindi agishigaje, atar’ ingoma?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:8
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene se bamugirira ishari, ariko se azigama ayo majambo mu mutima wiwe.


Bene se baramubaza, bat’ Aho ni wewe uzotuganza? ni wewe uzodutwara? Izo nzozi ziwe n’ayo majambo yiwe bituma barushiriza kumwanka.


Arik’ umwami Salomo yishura nyina, ati N’iki gitumye usabira Adoniya Abishagi w’i Shunemu? Erega n’umusabire n’ingoma, kukw ari mukurwanje! Mber’ uyisabire na Abiyatari umuherezi na Yowabu umwana wa Seruwiya!


Nuko Hamani abonye yuko Moridekayi atamwunamiye canke ngw amwikubite imbere, aca arashangashirwa.


Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.


Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Abantu baridodomba kubg’ ibibagoye; bigwa mu matwi y’Uhoraho; avyumvise, uburake bgiwe buraziriringa: umuriro w’ Uhoraho wāduka muri bo, uyigiza igihimba co ku mpera y’aho bashagaje.


Balamu yishura uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Nkoze icaha, kuko ntamenye kw ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untāngīre; none rero, asangwa bikubabaje, reka nsubire inyuma.


Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?


Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.


Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Kuva uyo musi Sauli yama arāba Dawidi ijisho ribi.


Bukeye Sauli abarira Yonatani umuhungu wiwe bo n’ abantu biwe bose ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani mwene Sauli yakunda Dawidi cane.


Erega mwene Isayi agihumeka, nta guhangama kwawe, nta n’ugutsindaza kw’ingoma yawe. Nuko tuma bamunzanire; n’ukuri azopfa nta kabuza!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ