Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mur’ ukwo kuvyina, abagore bāgenda baritabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:7
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ingabo ziramuhakanira, bat’ Eka ntiwojana natwe; kuko naho tworamuka duhunze, ntibobibabara, canke hapfuye kimwe ca kabiri cacu, na ho nyene ntibibishirak’ umutima; ariko wewe urengeye abantu ibihumbi cumi bo muri twebge. Icoba ciza n’uko wokwitegura kudutabara uvuye mu gisagara.


Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;


Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Uhoraho, bavuza inanga n’amakembe n’ udushako tw’ingoma n’imiduri n’ivyitwa matowazi.


Miriyamu akabaterera, ati Ni muririmbire Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza: Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.


Abantu ba Akishi baramubarira, bat’ Uyu si Dawidi umwami wa ca gihugu? Si we bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?


Ayo magambo atuma Dawidi ahagarika umutima, agirira Akishi umwami w’i Gati ubgoba bginshi.


Mbeg’ uyu si Dawidi wa wundi bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ