Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze mw itabaruka ryabo, Dawidi agarutse avuye kwica wa Mufilisitiya, abagore bava mu bisagara vyose vy’Abisirayeli, bavyina batamba, baza gusanganira umwami Sauli, bafise udushāko tw’ingoma n’utundi tuvuga nk’ inanga, bavuza impundu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:6
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimukabikerutse i Gati, Ntimukabitāngāze mu nzira z’i Ashikeloni, Abakobga b’Abafilisitiya boye kunezerwa, Abakobga b’abantu b’intakebga boye gutera impundu.


Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Uhoraho, bavuza inanga n’amakembe n’ udushako tw’ingoma n’imiduri n’ivyitwa matowazi.


Bashimire izina ryiwe mu mvyino: Bamuririmbire ishimwe batamba agashako k’ingoma, bavugira inanga.


Umwami Imana yaravuze: Abagore bakwiza inkuru baba ingabo nyinshi.


Abaririmvyi bagiye imbere, abacuraranzi barabakurikira, Hagati y’abigeme bavuza udushako tw’ingoma.


Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;


Miriyamu akabaterera, ati Ni muririmbire Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza: Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.


Kand’ ikibando bāgerewe uko kimashuye kwose, ico Uhoraho abamashuza, hazovuga udushako tw’ingoma n’ inanga; kand’ azorwana na bo mu ntambara adasībiza ukuboko.


Maze Yefuta aratabaruka, aja i Misipa; ashitse i we, umwana wiwe w’umwigeme asohoka kumusanganira afise udushāko tw’ ingoma, arikw aratamba, atārīka. Kand’ uwo mwana wiwe yar’ ikinege: nta muhungu nta mwigeme wundi yar’ afise, atar’ uyo gusa.


Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ