Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:5
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.


Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Uhoraho abana na Yehoshafati, kuko yagendera mu ngeso sekuruza Dawidi yagendeyemwo uhereye ubga mbere, ntaje gusiguza za Bayali,


Azoba nk’igiti gitewe hafi y’ imigezi y’amazi, Cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: Ic’ azokora cose kizomubera ko.


Nzokwitondera kugendera mu nzira itunganye: Uzoza aho ndi ryari? Nzokwama ngendana mu nzu yanje umutima utunganye.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.


Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.


Uhoraho yari kumwe n’Abayuda; birukana ababa mu gihugu c’umugamba, ariko ntibashobora kwirukana ababa mu biyaya, kuko bari bafise imikogote y’ivyuma.


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.


Arikw Abisirayeli n’Abayuda bose bākunda Dawidi, kuko yatabarana na bo amaja n’amaza.


Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa.


Yonatani yikiza umutamana wiwe yari yambaye, awuha Dawidi, amuha n’ivyo yambara mu ntambara, mbere n’inkota yiwe n’ umuheto n’umukanda.


Maze mw itabaruka ryabo, Dawidi agarutse avuye kwica wa Mufilisitiya, abagore bava mu bisagara vyose vy’Abisirayeli, bavyina batamba, baza gusanganira umwami Sauli, bafise udushāko tw’ingoma n’utundi tuvuga nk’ inanga, bavuza impundu.


Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ