Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yonatani yikiza umutamana wiwe yari yambaye, awuha Dawidi, amuha n’ivyo yambara mu ntambara, mbere n’inkota yiwe n’ umuheto n’umukanda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Farawo aca yiyambura impeta irikw ikimenyetso, yo ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke, amwambika impuzu zera nziza, amwambika n’umugufu w’izahabu mw izosi,


Umuheto wa Yonatani ntiwatabaruka Utanyoye amaraso y’abishwe, Udasākije mu binure vy’ abahizi; Kand’ inkota ya Sauli ntiyatabaruka ubusa.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


bakenyeje imikanda mu rukenyerero, bīteze ibitambara vy’amabara bitendera mu mitwe yabo, bose baboneka kw ar’ abo mu nda y’ingoma, basa n’ab’i Babuloni h’i Bukaludaya, igihugu c’amavuka yabo.


Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge,


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Maze Sauli yambika Dawidi imyambaro yiwe, amwambika n’inkofero y’umuringa mu mutwe, n’umwinjiro w’ ivyuma.


Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ