Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Nuko Sauli arushiriza gutinya Dawidi, amugendanira akazīka imisi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:29
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.


Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.


Maze Sauli atinya Dawidi, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we, ariko we akaba yamuvuyeko.


Maze Sauli abonye ukuntu agira ikiganza ciza, aramutinya.


Kandi Sauli amenya yuk’ Uhoraho ari kumwe na Dawidi, arabitahura. Kandi Mikali umukobga wa Sauli yakunda Dawidi.


Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ