28 Kandi Sauli amenya yuk’ Uhoraho ari kumwe na Dawidi, arabitahura. Kandi Mikali umukobga wa Sauli yakunda Dawidi.
Baramwishura, bati Twabonye rwose yuk’ Uhoraho ari kumwe nawe; tuti Hinge tuje gushira indahiro hagati yacu na we, dusezerane isezerano na we;
Labani aramwishura, at’ Icompa ukanezererwa kugumana nanje! Kuko nabonye rwose yuk’ Uhoraho yampaye umugisha kubgawe.
Shebuja abona yuk’ Uhoraho ari kumwe na we, kandi k’Uhoraho yamuhaye kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.
Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.
Hanyuma Mikali umukobga wa Sauli agomwa Dawidi; babibgira Sauli, arabishima.
Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali.
Nuko Sauli arushiriza gutinya Dawidi, amugendanira akazīka imisi yose.
Kandi rero ndazi k’utazobura kuba umwami, kandi kw ari wewe uzotuma ingoma y’Abisirayeli ihangama.
Maze Sauli abarira Dawidi, at’ Uragahezagirwa, mwananje Dawidi! Uzokora ivy’ ubuhizi, kand’ uzotsinda nta kabuza. Nuko Dawidi arīgīra, Sauli na we asubira i we.