Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:27
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi arishura, ati Ni vyiza; mut’ Azosezerana nawe; muti Mugabo hariho kimwe akugombako, mut’ Utazanye Mikali mwene Sauli, ah’ uzozira ngo mubonane, muti Ntuzomukubita ijisho.


Maze Dawidi atuma intumwa kuri Ishibosheti mwene Sauli, muti Muhe umugore wiwe Mikali, uwo yakoye ubugabo ijana yashahuye Abafilisitiya.


Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya. Araheza arīvumbura, adūga kwa se asuguriwe.


Abahungu ba Sauli bāri Yonatani na Ishivi na Malikishuwa, kand’ abakobga biwe bompi, umukuru yari Merabu, umutoyi yari Mikali.


Ni co catumye amwigizayo, akamugira umugabisha w’ingabo igihumbi, akāma atabarana na zo amaja n’amaza.


Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.


Kandi Sauli amenya yuk’ Uhoraho ari kumwe na Dawidi, arabitahura. Kandi Mikali umukobga wa Sauli yakunda Dawidi.


Kandi Mikali, wa mukobga wa Sauli yari muka Dawidi, Sauli yari yaramuhaye Paliti mwene Layishi w’i Galimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ