24 Hanyuma abo bantu ba Sauli baramubarira, bati Dawidi yavuze artya n’artya.
Nukw abo bantu ba Sauli babarira Dawidi ayo majambo; Dawidi arabishura, ati Mugira ngo biroroshe kuba umukwe w’umwami, nanje nd’ umworo w’inkēngērwa?
Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.